Uko wahagera

Somaliya Ihangayikishijwe n'Ifu Yaduze Kubera Ingwano ya Ukraine


Muri Somaliya, abavyeyi baridoga bavuga ko ifu y’ifarini y’ingano bari basanzwe bakoresha mu gutegura ibifungurwa vy’abana babo mu gitondo yaduze incuro zibiri. Umwe muri bo ni Ayan Hassan Abdirahman aba ku murwa mukuru wa Somaliya, afise abana 11.

Ingano zigurishwa imisi yose muri ico gihugu ziva muri Ukraine no mu Burusiya. Ivyo bihugu navyo vyarahagaritse igurishwa ry’ibidandazwa hanze biciye mu ruzi “The Black Sea” kuva intambara n’Uburusiya itanguye kw’itariki 24 y’ukwezi kwa kabiri. Ni mu gihe ONU yari yaragabishije ko abantu imiliyoni 13 bari basanzwe bageramiwe n’inzara mw’ihembe rya Afrika kubera uruzuba rwinshi rumazeyo igihe.

Abdirahman yari asigaye agerageza gukoresha ifu y’ingano mu gukora imikate kuko yoyo isanzwe iboneka, yamara ibiciro vy’amavuta yo gukora iyo mikate navyo nyene bisigaye ari umurengera. Agacupa kahora kagurwa amadolari 16, ubu kagurwa amadolari 45 mu masoko y’i Mogadishu.

Igihugu ca Somaliya ntikigira ibibanza vyo kurimamwo ingano kandi abanyagihugu bavuga ko batamenyereye kuyirima. Bafise amakenga menshi kuri kazoza mu gihe ibigega bihari muri iki gihe vyobandanya bigaragara.

ONU hamwe na Ibanki y’iterambere ya Afrika bimenyesha ko ibiciro vy’ingano muri Afrika bimaze kuduga incuro 45 kw’ijana: Ivyo biri mu biriko biratuma ibiciro nk’ivya Couscous muri Mauritaniya canke ibiciro vy’ ibitumbura nko muri Congo, bizimba cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG