Uko wahagera

Ubukene Buracanishijemwo Abarundi n'Abakongomani Bahungiye mu Rwanda


Zimwe mu mpunzi zahungiye i Mahama mu Rwanda
Zimwe mu mpunzi zahungiye i Mahama mu Rwanda

Impunzi z’abarundi n’abakongomani ziba mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda, zivuga ko indyane mu miryango zibonekeza cane. Bumvikanisha ko zishimikiye ku bukene. Ivyo binemezwa n’abakurikiranira hafi ubuzima bw’ababa muri iyo kambi.

Umwe mu bakurikirana ibibazo by’imiryango bibera muri iyo kambi ya Mahama, nawe yabwiye ijwi ry’Amerika ko bagerageza gusubiza hamwe iyo miryango, ibibananiye bakitura izindi nzego.

Ibitigiri bitangwa n’umuryango utanga ubwunganizi mu mategeko LAF, bivuga ko mu gihe giheze hari igihe bakira imiryango igera kuri 15 ku munsi umwe, ifise izo ndyane. Imiryango yituye LAF mu mwaka w’2016 , ibitigiri vyangana na 246 , umwaka ukurikiye biba 472, muri 2018 bishika kuri 452, inyuma yaho biramanuka gushika kuri 182 muri 2019. Gusa ikiza ca Covid-19 kimaze kuza ibitigiri vyaciye bisubira kwiyongera gushika ku 408 muri 2020, naho 2021 bishika kuri 436. Muri uyu mwaka naho bakaba bamaze kwakira abashika kuri 91.

Ikambi ya Mahama iherereye mu karere ka Kirehe mu ntara y’ubuseruko bw’u Rwanda. Ni ikambi ibarizwamwo impunzi zirenga ibihumbi 65. Muri abo hakaba harimwo imiryango ikabakaba ibihumbi 18.

Inkuru ya Thierryve Ndayishimiye akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

MINEMA: Kongereza Amafaranga Impunzi Zihabwa Biracagoranye
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:54 0:00




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG