Uko wahagera

Pfizer Yemeye Gutanga Imiti mu Bihugu Bikenye Birimwo ivy'Afurika


Albert Bourla, atwara sosiyete ya Pfizer
Albert Bourla, atwara sosiyete ya Pfizer

Isosiyete ikora imiti, Pfizer, yatangaje, uno musi ku wa gatatu, ko izoha bimwe mu bihugu bikenye kurusha ibindi kw'isi imiti irimwo incanco zo kwikingira ikiza ca COVID-19 ku biciro biri hasi.

Iyo sosiyete yabitangaje mw’ikoraniro ryerekeye ubutunzi kw’isi ryama riba uko umwaka utashe ririko ribera mu gisagara ca Davos mu Buswise. Imenyesha ko umugambi wayo ugenewe gufasha ibihugu 45 bikenye kurusha ibindi kw’isi mu bijanye n’igisata c’ubuvuzi. Vyinshi muri ivyo bihugu biri muri Afrika. Yamara birimwo na Hayiti, Siriya, Cambodje na Koreya ya ruguru.

Iyo miti igenewe kuvura ingwara ziterwa n’imigera, kanseri hamwe n’izindi. Umuvugizi w’isosiyete, Pfizer, Pam Eisele yatangaje ko ivyo bihugu 45 bikenye kurusha ibindi kw’isi bifise muri iki gihe imiti n’incanco nke cane. Isosiyete, Pfizer, ifise icicaro mu gisagara ca New York, izorihisha gusa amafaranga yakoreshejwe mu guhingura n’ugutanga iyo miti n’izo ncanco.

Mu ntango z’uku kwezi, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yasavye isosiyete Pfizer gufata ingingo zotuma ibihugu bikenye kurusha ibindi kw’isi bironka kurushiriza incanco zayo z’ukwikingira COVID-19. Iyo sosiyete yatangaje ko yatanguye guha ibihugu bikenye kurusha ibindi izo ncanco n’iyindi miti ku biciro biri hasi biciye kuri Reta ya Amerika, igura izo ncanco hanyuma ikazitanga ku buntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG