Uko wahagera

USA: Umugambi wo Kugandagura George Bush Wateshejwe


George W. Bush
George W. Bush

Umugabo w’umunya-Iraki yariko arondera ubuhungiro muri Reta zunze ubumwe za Amerika ariyemerera ko yari mu mugambi wo kwica uwahoze ari perezida wa Amerika, George W. Bush.

Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Amerika bwavuze ko Shihab Ahmed Shihab, w’imyaka 52, yiyemereye ko yariko arondera kwinjiza abandi banya-Iraki bane baciye ku rubibe rwa Mexique kugira bafatanye iki gikorwa. Ibi biri mu birego ibiro vy’inyamiramabi, FBI vyarungitse muri sentare yo ku rwego rwa Amerika, mu gisagara ca Columbus, muri reta ya Ohio.

Babiri muri abo batari bwinjire bahoze bakorera iperereza rya Iraki, mu gihe abandi bahoze ari abarwanyi mu muharri w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Shihab yabwiye ibiro FBI ko bariko bararondera kwica Bush, kuko ari we yategetse gutera Iraki mu 2003. Babona ko ari we yatumye hapfa abanya-Iraki amasinzi kandi n’igihugu gicikamwo ibice.

Shihab yagirizwa ivyaha birimwo gufasha no kugerageza kwica uwahoze ari umutegetsi wa Amerika. Yinjiye muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu kwezi kw’icenda 2020 aca atangura dosiye yo gusaba ubuhungiro igihe visa yiwe yari irangije igihe co kumara muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG