Uko wahagera

Irani Irahiga Kwihora Umusirikare w'umuColonel Wayo Aheruka Kwicwa


Perezida wa Irani, Ebrahim Raisi
Perezida wa Irani, Ebrahim Raisi

Perezida wa Irani, Ebrahim Raisi, yagabishije kuri uyu wa mbere ko igihugu ciwe kibwirizwa kuzokwihora umusirikare waco w’ipete rya Colonel yishwe arashwe i Teherani.

Abantu bitwaje inkoho bari ku mapikipiki ku musi w’Imana bararashe Colonel Sayyad Khodai, aho yari yicaye hanze y’inzu yiwe.

Irani yegeka ubwo bwicanyi kubo yise ko bashigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu bicuditse nayo birimwo Isirayeli.

Abaye umusirikare akomeye yiciwe muri Irani kuva aho mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020 hiciwe umuhinga akomeye cane mu vya nikereyeri, Mohsen Fakhrizadeh.

Colonel Khodai yakoreye Irani mu ntambara zo muri Siriya na Iraki.

Iyicwa ryiwe ryabaye mu gihe ibiganiro hagati ya Irani n’ibihugu rutura kw’isi ku kunagura amasezerano ya Nikereyeri yo mu 2015 vyahagaze kuva mu kwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG