Uko wahagera

Imvura Nyinshi Yasubiye Kwangaza Abantu muri Afurika y'Epfo


Imwe mu mazu yabomowe n'imyuzure muri Afurika y'Epfo
Imwe mu mazu yabomowe n'imyuzure muri Afurika y'Epfo

Iyindi myuzure yatewe n'imvura nyinshi mu ntara ya KwaZulu-Natal iri buseruko bwa Afrika y'epfo yatumye abantu barenga 300 bata izabo. Ni indwi zitatu inyuma y’uko imyuzure ikomeye cane ihitanye abantu barenga 400 ikura mu zabo abandi barenga 40.000.

Abategetsi batangaje ko imvura y’isegenya yononye amabarabara, inzu n’inyubako zitanga umuyagankuba cane cane mu bice vyo mu buraruko bw’intara ya KwaZulu-Natal kuva ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Intara ya KwaZuku-Natal irimwo igisagara ca Durban iraciteze iyindi mvura nyinshi cane mu bice bimwe bimwe. Abategetsi bo muri iyo ntara barengewe n’ibikorwa vyihutirwa vyo gutabara basavye reta ya Afrika y’epfo kubafasha.

Umushikiranganji ajejwe reta yo muri iyo ntara, Sipho Hlomuka, amenyesha ko batararonka amakuru yose ku ngaruka z’imvura nyinshi cane iheruka kurwa.
Abategetsi bo mu ntara ya KwaZulu-Natal basavye kandi ko inteko z’igihugu ziharungikwa kugira zifashe mu bikorwa vyo gutabara.

Imyuzure yagaremiye iyo ntara mu kwezi guheze yonona ibintu vy’agaciro k’amadolari y’Amerika umuliyaridi n’imiliyoni amajana atanu. Abanyagihugu bageramiwe kurusha abandi bari mu bice vya Umlazi, Amanzimtoti, Umdloti, Isipingo, Tongaat na Wentworth, vyari vyasinzikajwe bikomeye n’imyuzure yabaye imbere y'aho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG