Uko wahagera

7 Bahitanywe n'Umucanwa mu Bwato bwo muri Philippines


Ubwato Bwahiye muri Philippines
Ubwato Bwahiye muri Philippines

Muri Philippines ubwato bwunguruza abantu n’ibintu bwahiye abantu barahasiga ubuzima abandi ntibiramenyekana amarengero yabo. Abantu 7 ni bo basize ubuzima abandi indwi barabura amaherezo yabo inyuma y'aho ubwo bwato bwakiyemwo umuriro kuri uno musi wa mbere mu karere kari hafi y’ibahari.

Vyabaye mu gitondo co kuri uno musi wa mbere sa kumi na zibiri n’igice zo mu gitondo aho ubwo bwato bunyaruka cane bwari burimwo abantu 134. Itangazo ryasohowe ryari rivuga ko abahitanywe n’iryo sanganya bari abakenyezi batatu n’abagabo babiri. Vyashikirijwe mu rwandiko rwasohowe n’abajejwe gukingira umutekano w’inkengera ry’ibahari, bavuze ko bashoboye kurokora abantu 120, muri bo bakaba bavuye 23 bari bakomeretse.

Umuriro wadutse kuri ubwo bwato bwitwa Mercraft2 bwari buje buva kw’izinga rya Polillo bugira bushike ku kivuko ca Real mu ntara ya Quenzo ku birometero 60 uvuye mu buseruko bw’igihugu. Ntibiramenyekana icatumye haduka uwo muriro.

Muri ico gihugu harakunze kuba amasanganya y’amato kubera ubusaza bwayo n’ukwo babugendesha bwuzuyemwo abantu umurengera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG