Uko wahagera

Ikiza c'Ingwara z'Inka mu Buraruko bw'Uburundi


Inka zo mu buraruko bw'Uburundi zatewe n'ikiza kiriko gituma zipfa ku bwinshi. Izifatwa zigira ibimenyetso bimwe: Kuva amaraso mu mazuru, gushuha cane, kutagira akayabagu, gucika intege, amaganga yazo akaza asa nk'ayavanze n’amaraso.

Abazitunze bavuga ko iyo zifashwe zidateba gupfa. Bituye abajejwe ibitungwa babasigurira ko ata muti bafise baziha biturutse ko ivyo bimenyetso batazi ingwara zibitera.

Ubuyobozi bukuru mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, bugendera intara ya Ngozi bwasiguye ko bimwe mu bimenyetso bwabonye kuri izo nka bishusha n'ibimenyetso vy'ingwara yitwa " Amakore" ( Brucellose bovine). Ubushikiranganji bw'uburimyi n'ubworozi buvuga ariko ko butohuta bwemeza ingwara yateye inka zo mu buraruko, imbere y'uko buheza ibipimo vyabwo.

Ubushikiranganji bujejwe ubworozi n'uburimyi mu Burundi buhanura abanyagihugu baba mu duce turimwo iyo ngwara kutarya inyama z’inka no kutanywa amata y’inka zamaze kwandura. Ubwo bushikiranganji bunasaba kandi abajejwe amagara y’ibitungwa mu ma komine kwama bagavye inka yose ipfuye, bakihutira kuyihamba, bakanapompa naho bayihamvye.

Umviriza ibindi muri iyo nkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Kigali mu Rwanda, Desire Hatungimana.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:30 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG