Uko wahagera

Beijing Yongereje Imisi yo Gupima ku Bwinshi Covid-19


Bamwe mu banyagihugu ku mirongo baja kwipimisha Covid-19
Bamwe mu banyagihugu ku mirongo baja kwipimisha Covid-19

Igisagara ca Beijing congerejwe imisi yo gupima ku bwinshi umugera wa Covid19 mu gihe habandanya kwibonekeza abagwayi bashasha b’ico kiza.

Abakozi bajejwe amagara y’abantu n’umutekano bafise imyambaro yo kwikingira ico kiza bari buzuye mu mayira no mu ngo zitandukanye z’igisagara ca Beijing ejo ku musi wa mbere. Ni inyuma y’aho hongerejwe imisi itatu y’itegeko risaba abantu kuguma no gukorera imuhira mu ntumbero yo gutuza ico kiza ca Covid 19 cabaye ndanse..

Naho reta ihakana ko itashize igisagara mu bihe bidasanzwe bihagarika uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu, abategetsi b’ico gisagara kigizwe n’abantu imiliyoni 22, bamaze guhagarika ibikogwa vy’ibibanza vy’uburiro, amaduka, n’ibibanza vyo kwinezerezamwo.

Ubutegetsi bw’uwo mugwa mukuru w’Ubushinwa buvuga ko bwatoye abantu 55 bashasha banduye Covid 19 mu masaha 24. Cumi muri bo baba mu mu bice biri hanze y’ahasanzwe habujijwe uruja n’uruza.

Muri iki gihe igisagara ca Beijing kiriko gikora ibishoboka vyose kugira gihagarike ikwiragira ry’uwo mugera mu banyagihugu. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG