Uko wahagera

Biden: Ubwicanyi Bwabaye i Buffalo ni Iterabwoba ryo mu Gihugu


Perezida Biden mu gisagara ca Buffalo
Perezida Biden mu gisagara ca Buffalo

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yemeje kuri uyu wa kabiri ko ubwicanyi kivunga bwabaye mu mpera z’indwi iheze i Buffalo, muri reta ya New York, ari iterabwoba ryo mu gihugu hagati riterwa impigi n’abazungu bashaka kwiganza mu gihugu bonyene.

Ku musi w’Imana, umusore w’umuzungu w’imyaka 18 yarinjiye mw’isumiro ry’ibifungurwa, yica abirabure 10, akomeretsa abandi batatu akoresheje inkoho.

Perezida Biden n’umutambukanyi wiwe babonanye mu mwiherero n’imiryango y’abo bishwe hamwe n’abantu batatu bakomeretse, mu kibanza ubwo bwicanyi bwabereyemwo. Yaneguye ashimitse ico gitero, avuga ko ubwo bwiganze bw’abazungu ari “ubumara” kandi ata kibanza bugira muri Amerika.

Yavuze ko urwanko hamwe n’ubwoba biriko birahabwa umwanya munini muri Amerika, aca yemeza ko ububi n’urwanko bitazigera bitsinda.

Nkuko yama yabikoze muri kahise, Perezida Biden yasavye Congress ya Amerika kwemeza itegeko rimaze imyaka n’imyaka ryaranswe, ryo gukura inkoho ziremereye mu mabarabara.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, nawe yaraneguye ubwo bwicanyi. Umuvugizi wiwe yavuze ku musi w’Imana ko ababajwe n’ico gikorwa c’urwanko rushingiye ku rukoba rugaragazwa n’ubwicanyi bwabereye i Buffalo.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG