Uko wahagera

Ingabo za Uganda muri RDC Zishobora Gutahuka mu Mpera z'Ukwa Gatanu


Abasirikare ca Uganda
Abasirikare ca Uganda

Abasirikare ba Uganda barungitswe muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo kurwanya abarobeli, bategekanya kuzovayo kw’itariki ya 31 y’uku kwezi kwa gatanu, kiretse ivyo bihugu bibiri bisinye amasezerano mashasha yo kwongereza ikiringo. Abategetsi mu gisirikare ca Uganda babivuze kuri uyu wa kabiri.

Ubutegetsi bwa RDC bwaciye buvuga ko hakiri kare kwiyumvira kuri iyo ngingo yo gutahukana abasirikare ba Uganda.

Inteko za Uganda zagiye gufatanya n’iza Kongo kurwanya umuhari w’iterabwoba, ADF, wagirizwa amabi y’ubwicanyi mu buseruko bwa RDC. Wagirizwa kandi no kuba waragavye ibitero vyo guturitsa ibisasu muri Uganda.

Ikiringo ivyo bikorwa vya gisirikare vy’urwo runani rw’ibihugu bibiri kizomara nticigeze kivugwa gushika ubu, kandi n’igitigiri c’abasirikare bari muri vyo nticigeze kivugwa.

General Muhoozi Kainerugaba, komanda w’ingabo za Uganda zirwanira ku butaka, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko ibi bikorwa vya gisirikare bizohagarara mu ndwi zibiri ziri imbere. Yavuze ko vyabwirizwa kumara amezi atandatu kiretse ahawe itegeko n’umugabisha w’ingabo wa Uganda ryo kugumayo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG