Uko wahagera

Mu Burundi Hariko Hashingwa Amavuriro y'Ibiterwa


Umwe mu barimyi bo mu Burundi
Umwe mu barimyi bo mu Burundi

Hariko harashingwa mu gihugu cose, amavuriro y’ibiterwa kugira abanyagihugu babonye ingwara canke udukoko mu mirima yabo baronke abo bitura kugira izo ngwara zituzwe abanyagihugu babone kwimbura. Isekeza ryo gusigurira abanyagihugu uwo mugambi mushasha wa reta ryatanguriye muri Komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi.

Uwo mugambi wakiriwe neza n'abanyagihugu bamenyesha ko inzara yari ibarembeje kuko ingwara zabatuma barima ntibimbure. Uwo mugambi kugeza ubu umaze gushika mu ma komine umunani kuri cenda agize intara ya Ngozi. Komine itarashikirwa ni Busiga nayo abahinga ngo bari mu nyigisho.

Ingwara z’ibitoke, ibiharage, imyumbati n’ibigori ni zo zikunze kwibonekeza mu ntara ya Ngozi nkuko abarimyi bavyivugira.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Desire Hatungimana

Abarimyi bo mu Burundi Bariruhutsa
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:35 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG