Uko wahagera

Umwe Yishwe Arashwe kw'Isengero muri California


Imodokari z'igiporisi ahiciwe umuntu arashwe kw'isengero y'abapresbiteriane i Geneva Laguna Woods, muri California
Imodokari z'igiporisi ahiciwe umuntu arashwe kw'isengero y'abapresbiteriane i Geneva Laguna Woods, muri California

Abategetsi muri Californiya, mu burengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bavuze ko umuntu umwe yishwe abandi bane barakomereka bikomeye, inyuma yo kurasa kwabaye kw’isengero ryo mu bumanuko bwa California.

Abategetsi mu butungane bo muri komine ya Orange, agace vyabereyemwo kegukira bavuga ko abo bantu barashwe kuri uyu w’Imana kw’ishengero ry’aba Presbyteriano mu gasagara ca Laguna Woods.

Umuntu umwe aza yamaze gufungwa kandi n’inkoho imwe yarafashwe. Yaba uwapfuye hamwe n’abakomeretse bose ni abantu bakuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG