Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko ubukene bw’igitoro buterwa n’ibura ry’amahera y’agaciro kandi ko ari yo ntandaro y’ubukene bw’ibintu nyamukuru. Hari mu kiganiro ca mbere yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri ku murwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura.
Ibi ni mu gihe abanyagihugu badasiba kwidoga ko ibi vyahungabanije ubuzima hamwe n'ukubaho kwabo kwa misi yose. Bagasaba Reta gukora ibishoboka vyose kugira ibatezurire iduzwa ry’ibiciro.
Kurikirana mu majwi iyi nkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza akorera i Nairobi
Facebook Forum