Uko wahagera

USA: Ijambo rya Blinken kuri Politike y'Ubushinwa Ryasivye


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi amakungu, Antony Blinken, yatoweko ubwandu bwa virusi ya Corona. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bwatangaje ko Blinken mu kurindira ko akira, akazi kiwe azokabandaniriza ku buhinga bwa none. Ubwo bushikiranganji bwemeza ko Blinken yafashe doze zibiri za Virusi ya Corona, akanarenzako iya gatatu, kandi ataremvye.

Mu bakorana vya hagufi akenshi n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, harimwo Prezida w’Amerika Joe Biden: Aha, ubushikiranganji buvuga ariko ko Biden na Blinken haheze imisi batabonana begeranye, kuri ubwo, ata bwandu yoba yaramuhaye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwimigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Ned Price, yatangaje ko ijambo ryiwe kuri politike y’Ubushinwa ryari ririndiranywe igishika kuri uno wa kane atakirishikirije bivuye kuri ubwo burwayi.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu buvuga ko ibikorwa vyiwe bimusaba kuja mu biro birimwo n’ingendo zitandukanye azosubisubiramwo yakize neza.

Hagati aho, Antony Blinken ari mu bari mu kwivuna umusase kwabaye ku wa gatandatu hagati ya Prezida w’Amerika n’abamenyeshamakuru bakora ku nkuru ziwe. Umunyarwenya Trevor Noah ari muri benshi bitabiriye ibirori vyo ku wa gatandatu, ajajura yise uwo mugoroba “ Umugoroba w’ubwandu bwa Corona.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG