Uko wahagera

Ambasade ya US muri Cuba Yongeye Gusubira Gutanga Viza


Bamwe mu banyagihugu bari baje kurondera impusha zo kwinjira muri Amerika kuri uno wa kabiri
Bamwe mu banyagihugu bari baje kurondera impusha zo kwinjira muri Amerika kuri uno wa kabiri

Ambasade y’Amerika muri Cuba yasubiriye gutanga viza inyuma y’imyaka irenga ine itazitanga. Ibiro bitanga impusha zo kwinjira muri Amerika mu gihugu ca Cuba vyahagaritse ibikorwa vyavyo mu 2017, bivuye ku ngwara y’amayobera yafashe bamwe mu bakorera muri ivyo biro n’abagize imiryango yabo.

Amatohoza yakozwe na Reta y’Amerika mu 2020 yerekanye ko iyo ngwara bikekwa ko yaterwa n’ibitero vy’imirasire y’amajwi y’amaradiyo yo mu rwego rwo hejuru akorwa ku buryo atumvikana.

Iyugarwa ry’ubuserukizi bwa Amerika muri Cuba ryabaye inkuru y’incamugongo ku banyagihugu batari bake b’ico gihugu bakunze kuza muri Amerika bahunga ubukene bwugarije Cuba.

Abanyagihugu ba Cuba kugira rero baze muri Amerika kuva mu 2017 vyabasaba amagendera maremare: Babanza kuja kurondera impusha muri Colombiya canke muri Guyana, abatashobora gufata ingendo muri ivyo bihugu nabo bakemera guca mu nzira zitemewe n’amategeko zabacisha muri Mexique.

Igisata kijejwe abinjira n’abasohoka muri Amerika kivuga ko abanyagihugu binjiye ku butaka bw’Amerika kuva mu kwa cumi ko mu 2021 kugera mu kwa gatatu uno mwaka barenga ibihumbi 78.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG