Uko wahagera

Malawi: Umuforoma Yavuze Prezida kuri WhatsApp Yapfunzwe


Prezida wa Malawi Lazarus Chakwera
Prezida wa Malawi Lazarus Chakwera

Abaharanira agateka ka zina muntu n’ubwisanzure bwo gushikiriza ivyiyumviro muri Malawi basaba irekurwa ry’umuforoma, afunzwe azira ubutumwa yacishije ku rubuga rwa WhatsApp.

Polisi ya Malawi ivuga ko Umuforoma Chidawawa Mainje yatutse Prezida Lazarus Chakwera. Mu butumwa yacishije kuri WhatsApp, Mainje yanebaguye imikorere ya Prezida Lazarus Chakwera avuga ko ataco ariko arakora ngo ahindure ubuzima bw’abamutoye.

Umuforoma Chidawawa Mainje w’imyaka 39 yagirizwa ivyaha vy’ihohotera riciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Akaramuka yagiriwe n’ivyaha, ashobora gukatirwa imyaka igera kuri itanu, iherekejwe n’ihadabu y’amadorali y’Amerika agera ku 2500. Abaharanira agateka ka zina muntu bateye ivyatsi ifungwa ryiwe bavuga ko ariko azira ubusa kandi ko ifungwa ryiwe rihonyanga amategeko y’ubwisanzure bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Polisi ya Malawi isigura ko yamuhagaritse yisunze ibwirizwa ryashizweho mu 2016, riziririza gutuka kanaka biciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Mu ndwi iheze polisi yo ku murwa mukuru wa Malawi, Lilongwe yari yataye muri yompi uwundi mugabo w’imyaka 51 imwagiriza ko yatutse umushikiranganji w’akazi abicishije kuri WhatsApp.

Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Malawi rwemeza ko mu myaka ibiri Prezida Lazarus Chakwera amaze ku butegetsi, abarenga 15 bamaze gutabwa muri yompi bazira kwerekana ibitabashimishije ku ntwaro yiwe. Vyitezwe ko Umuforoma Mainje yitaba ubutungane ejo ku wa gatatu.
Abaharanira agateka ka zina muntu basaba ko amategeko agena ivyaha bikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi muri Malawi asubirwamwo.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG