Uko wahagera

Mali Yavuye mu Masezerano ya Gisirikare Yari Ifitaniye n'Ubufaransa


Umushikjiranganji wa mbere wa Mali
Umushikjiranganji wa mbere wa Mali

Reta ya Mali yavuye mu masezerano yo kwivuna umwansi yari ifitaniye n’Ubufaransa na bimwe mu bihugu vya Buraya. Mw’itangazo Koloneli Abdoulaye Maïga, avugira Reta yasomye ku mugoroba w’ejo ku wa mbere kuri tereviziyo y’igihugu, yagirije Ubufaransa kubangamira cane ubwigenge bwa Mali nk’igihugu.

Ubutegetsi bwa Mali bugwiriyemwo abasirikare babufashe biciye muri kudeta bakoze mu 2020, bumwe mu burorero butanga kuri ivyo vyagirije, harimwo ko “ Ubufaransa bwahagaritse bimwe mu bikorwa vya gisirikare bwakorana na Mali, butabanje kugisha inama ico gihugu, n’indege z’igisirikare c’Ubufaransa zaciye mu kirere ca Mali ico gihugu kivuga ko zitari zemerewe gucamwo. Hari haheze kandi indwi zibiri Mali yagirije Ubufaransa gusuma urusaku ku butaka bwayo.

Amasezerano yo gufashanya mu vya gisirikare Mali ivuyemwo, yari yasinywe hagati y’Ubufaransa na Mali mu kwezi kw’indwi ko mu 2014. Ubutegetsi bwa Mali bukavuga ko ino ngingo bwamaze kuyimenyesha Ubufaransa. Ni ingingo izotangura gushirwa mu ngiro inyuma y’amezi atandatu. Gushika ino saha, Ubufaransa ntaco buravuga kuri dosiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG