Uko wahagera

Alijeriya: Tabbou Yatanguje Imyiyerekano Yeguje Prezida Bouteflika Yafunzwe


Karim Tabbou, umwe mu bakomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Alijeriya yongeye gutabwa muri yompi. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yatangaje ano makuru avuga ko yahagarikiwe ku muhana iwe ejo ku wa gatanu. Ico yagirizwa ntikiramenyekana.

Tabbou yari imbere mu batunganije imyiyerekano yatanguye mu 2019 ihera mu 2020 igamije kweguza Prezida Abdelaziz Bouteflika. Iyi mpirimbanyi yongewe gutabwa muri yompi inyuma yaho ku wa kabiri ihamagariya abanyagihugu kwibukana iteka uwitwa, Hakim Debbazi, aheruka gushengera.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Tabbou yanditse ati: “ abamaratiri baharanira ukuri iyo bapfuye, ivyiyumviro vyabo birushirizaho gukomera.” Debbazi yari yarafunzwe mu kwa kabiri. Urupfu rwiwe rwegekwa kuri Reta. Abagera ku 300 basangiye urugamba na Karim Tabbou basanzwe bari mu mvuto.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG