Uko wahagera

Agateka ka Zina Muntu Kifashe Gute mu Burundi?


Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, washize ahabona icegeranyo c’awo c’ingene agateka ka zina muntu kari kifashe mu mwaka uheze w’2021.

Iyo raporo yerekana ko abantu barenga 430 ari bo bituye uwo mugwi kubera agateka k’abo kahungabanijwe n’inzego za reta. Uwo mugwi uvuga kandi ko amabohero yarengewe n’ubwinshi bw'abanyororo, abenshi bakaba bazira ubusa.

Yamara, ayandi mashirahirahamwe akingira uburenganzira bwa muntu yoyo, cokimwe na departema ya Amerika ijejwe imigenderanire, bavuga ibitigiri vy’abahugabanirijwe agateka ari benshì kuruta abo CNIDH yerekanye.

CNIDH muri iyo raporo ivuga ko abiciwe ababo barenga 40 n’ayo abanyurujwe canke ababuriwe irengero ni 35. Abantu 7 baraborejwe igufa abandi 45 barafungirwa ubusa, n’ayo 33 bagwiriyemwo abagore barajanywe hanze y’igihugu mu rudandazwa rw’abantu nk’uko iyo raporo ivyerekana.

Abandi bahungabanirijwe agateka mu bundi buryo nk’abakorewe ivya mfura mbi, abavuga ko imanza z’abo zitaburanishijwe neza n’ibindi. Uwo mugwi werekanye ko ivyo vyaha bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu wakiriye vyose vyakozwe na bamwe mu bagize inzego za reta. Yamara, uwo mugwi ntuvuga izo nzego izo ari zo.

Ikindi kiraje ishinga uwo mugwi w’igihugu, ni ubwinshi bw’abanyororo. CNIDH wemeza ko wagize ingendo nyinshi zo kuraba abafunzwe, ico bafungiwe n’ingene babayeho.Umenyesha ko wasanze mu mabohero menshi babayeho nabi.

Wasanze hari abanyororo barenga 13,000 bafunzwe kandi amabohero 11 ari mu gihugu afise ubushobozi bwo kwakira abatarenga 4,292. Umugwi CNIDH uvuga ko ubwo bwinshi butuma agateka kabo gahungabana.

N’aho biri uko, ayandi mashirahamwe yigenga nka Ligue Iteka rikorera hanze, rikunze gukora amatohoza y’abagirirwa nabi, ryemeza ko ibitigiri vy’abicwa n’abanyuruzwa vyashizwe ahabona na CNIDH ari bike cane.

Ijwi rya Amerika ryavuganye n’uwutwara uwo mugwi, Sixte Vigny Nimuraba, kugira agire ico avuze kuri ico cegeranyo n’ibivugwa n’ayandi mashirahamwe yigenga akorera muri ico gisata. Yamara, ntavyinshi yashimye kutubwira kuko yatumenyesheje ko ata mwanya ukwiye afise.

Ico bikoze, FOLUCON F, rimwe mu mashirahamwe yigenga rikorera mu gihugu rirashima raporo ya CNIDH. Risanga hari n’intambwe yatewe kuko inzego za reta zisigaye zihana uwagirizwa amabi yo guhungabanya agateka ka zina muntu.

Departema ya Amerika ijejwe imigenderanire nayo nyene iheruka gusohora raporo ku Burundi, aho yerekanye ko uburenganzira bwa muntu bubangamiwe cane cane abagira ico bavuze kitagenda neza mu gihugu. Ico amashirahamwe yigenga akorera mu gihugu ahurizako na Departema ya Amerika co kimwe n’umugwi CNIDH ni ubwinshi bw’abanyororo.

Twagerageje kurondera umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu Umufasoni Imelde Sabushimike ariko twamukenye. Iyo tumuronka kuri telephone, Ijwi rya Amerika ryari kumubaza ico reta iriko irakora ngo ibitigiri vy’abitura umugwi CNIDH bavuga ko bahohotewe mu gateka kabo bigabanuke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG