Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Ingabo z'Uburusiya Zimaze Kurwa ku Rugamba ari zo Nyinshi


Prezida wa Ukraine
Prezida wa Ukraine

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yatangaje ko ingabo z’igihugu ciwe ziriko ziraba ingene zisambura ibirindiro vy’Uburusiya mu gisagara ca Mariupol. Mw’ijambo Prezida Zelenskyy yaraye ashikirije amakungu yavuze ko yahuye n’uwutwara ingabo za Ukraine, baganira ku vyerekeye igisagara ca Mariupol kiri mu minwe y’Uburusiya. Zelenskyy muri iryo jambo yavuze ko ivyo bayaze bikiri ibanga ariko bariko bakora ibishoboka vyose ngo barokore ubuzima bw’abanyagihugu.

Hagato aho, Uburuisiya uno munsi ku wa gatandatu bukoresheje indege z’ingwano bwateye ibisasu vya missile mu gisagara ca Lviv na Kyiv. Prezida wa Ukraine mw’ijambo ryiwe yigamvye yamara ubutwari bw’abasirikare biwe agira ati: “ Bariko bavyitwaramwo neza cane. Impinga yo kwirukana Uburusiya burundu ni ko iracari ndende, ariko tuzobatsinda.”

Prezida wa Ukraine yabwiye tereviziyo nyamerika, CNN, ko abasirikare ba Ukraine bamaze kurwa mu ntambara yatangujwe n’Uburusiya bari hagati ya 2500 na 3000, abayikomerekeyemwo bakaba ibihumbi 10, mu gihe yemeza ko Uburusiya muri iyo ntambara bwabuze abasirikare bari hagati y’ibihumbi 19 n’ibihumbi 20. Uburusiya bwo abo bwemera ko bwaburiye muri iyo ntambara ni 1351. Ishirahamwe NATO ritanga ibitigiri bishusha n’iya Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG