Uko wahagera

Visi Prezida wa USA Yabonanye na Prezida wa Tanzaniya


Visi Prezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Kamala Harris, yagiranye umubonano na Prezida wa Tanzaniya. Samia Suluhu Hassan. Bahuriye mu biro vya Harris bifatanye n'ingoro y'umukuru w'igihugu, White House.

Kamala Harris yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiganiro yagiranye na Prezida wa Tanzaniya vyari bishimikiye ku ngingo zitatu: Ugukomeza demokarasi, uguteza imbere ubutunzi n’igisata c’abanyamitahe hamwe n’ivy’amagara y’abantu.

Harris yagize ati: “ Ubutegetsi bwacu burajwe ishinga no gukomeza ubucuti na Tanzaniya n’ibindi bihugu vy’umugabane wa Afurika. Ibi ni ivy’ingenzi haba kuri Prezida Joe Biden ndetse no kuri jewe.”


Prezida Samia Suluhu Hassan nawe yabwiye Visi Prezida w’Amerika ko ico asaba Reta y’Amerika ari ugutera intege no guhimiriza abanyamitahe bigenga gukorana na Tanzaniya.

Prezida Hassan kuva afata ubutegetsi mu kwa gatatu ko mu mwaka uheze, yagiye arashimangira ko yifuza y’uko politike mpuzamakungu ya Tanzaniya yuguruka, gutyo ikaresha abanyamitahe mvamakungu. Ni muri iyo ntumbero mu kiringo amaze ku butegetsi yakoze zimwe mu ngendo zirimwo izamuhuje n’abategetsi b’Ubushinwa, Ubwongereza, Ububirigi, n’Uburusiya.

Tanzaniya iri mu bihugu 11 vyo ku mugabane wa Afurika bifashwa n’Amerika mu vyo kurwanya virusi ya Corona. Ariko ari nka hamwe bitarenze mu kwa cenda congre y’Amerika itokwemeza biriyoni zitanu z’amadorali guverenema isaba kugira urwo rugamba rubandanye, ikigo c’amerika kijejwe iterambere, USAID, ntikizoba kigishobora gufasha ivy’ukurwanya Covid-19 mu bihugu vy’Afurika birimwo na Tanzaniya.

Hagati aho, Prezida Hassan avogerewe n’abari mu mashirahamwe yigenga bamusaba ko yosubiza igihugu mu muryango w’ivyegwa na Sentare nyafurika iraba ivy’agateka ka zina muntu. Ari nka hamwe ibi yobikora, yoba ari intambwe Tanzaniya iteye mu kwiyugururirako amarembo y’ibindi bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG