Abategetsi ba Filipine bavuga ko abantu bashika 138 bapfuye bahitanywe n’imvura ivanze n’igihuhusi ciswe Megi, caciye muri ico gihugu ku musi w’Imana.
Abarenga 162.000 barataye ingo zabo abandi batari bake baraburirwa irengero nkuko abo bategetsi babivuga. Benshi mu bishwe bahambwe n’imivo y’ivyondo abandi batwarwa n’amazi.
Amakuru ava mu butegetsi avuga kandi ko amazu yatwawe, imiryango hamwe n’abantu ku gatwe kabo baburiwe irengero, mu gihe ivyo gutumatumanako amakuru vyacitse.
Igisirikare kivuga ko kurondera no gutabara aboba bagihema bibandanya.
Igihuhusi Megi kibaye ica mbere giteye Filipine mu 2022 mu gihugu kibona ibihuhusi hafi 20 buri mwaka.
Facebook Forum