Uko wahagera

Intumwa Idasanzwe y'Amerika mu Ihembe ry'Afurika Yeguye


David Satterfield weguye ku mirimo yo kuba intumwa idansanzwe y'Amerika mu ihembe ry'Afurika
David Satterfield weguye ku mirimo yo kuba intumwa idansanzwe y'Amerika mu ihembe ry'Afurika

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere karimo Etiyopiya n’ibihugu bituranyi yatanze imihoho mu mabanga yiwe, muri iki gihe ibice bitari bike vy’ako karere k’isi birangwamwo uruhagarara rwa politike n’ibibazo bihanze abanyagihugu.

Bamwe mu bategetsi ba Reta y’Amerika n’abahoze bayikorera batashatse ko amazina yabo atangazwa, babwiye ikinyamakuru Foreign Policy ko David Satterfield atanze imihoho yari amaze amezi atatu yonyene muri ayo mabanga.

Satterfield yari yasubiriye Jeffrey Feltman yahoze ari intumwa ya Amerika mu karere k’uburaruko bushira ubuseruko bwa Afrika (Ihembe rya Afrika). Ico kinyamakuru catangaje ko icegera ca Satterfield Payton Knopf agiye kumusubirira ivy’agateganyo.

Ico kinyamakuru gitangaza kandi ko umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu atashimye kuvuga impamvu Satterfiel yavuye mu mabanga yiwe.

Satterfield yari amaze igihe afasha mu biganiro vy’umwumvikano hagati ya reta ya Etiyopiya n’umurwi w’abayigwanya wa TPLF ukorera mu karere ka Tigray. Iyo ntambara iri muri Etiyopiya yadutse mu mwaka wa 2020 ubu ikaba imaze gutuma abantu imiliyoni 2 bata ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG