Umucamanza wa sentare nkuru muri Nijeriya yatangaje, uno musi ku wa gatanu, ko Nnamdi Kanu, ayoboye abashaka kwiyonkora kuri ico gihugu yotegerezwa kwishura ku vyaha yagirizwa birimwo iterabwoba n'ugukwiragiza ibinyoma.
Kanu, afise ubwenegihugu bw’Ubwongereza, ayoboye umuhari uharanira kwiyonkora kuri Nijeriya, Indigenous People of Biafra, IPOB, mu mpfunyapfunyo, arahakana ivyaha vyose yagirizwa bifatiye ku vyo yatangaje hagati y’umwaka w’i 2018 no mu mwaka uheze w’i 2021.
Umucamanza, uno musi ku wa gatanu, yafashe ingingo ko Kanu azocirwa urubanza ku bwoko bw’ivayaha indwi vy’iterabwoba ku vyaha 15. Umushingwamanza wiwe, Mike Ozekhome, yatangaje ku musi wa kane, ko Kanu adashobora gucirwa urubanza ku vyaha vy’iterabwoba n’ukuba yakwiragije ibinyoma n’impaka kubera igihugu ca Kenya yabamwo kitamushikirije Nijeriya bifatiye kuri ivyo vyaha. Uwuserurkira igihugu ca Kenya muri Nijeriya yahakanye ko igihugu ciwe kibifisemwo uruhara.
Umuhari, Indigenous People of Biafra, IPOB, Kanu yashinze mu mwaka w’i 2014, usaba ko igice co mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeriya ciyonkora kuri ico gihugu. Abantu batari bake muri ico gice n’abo mu bwoko bw’aba Igbo. Yamara abategetsi ba Nijeriya babona uwo muhari ko ari umurwi w’iterabwoba. Wowo uvuga ko ushaka kwikukira biciye mu mahoro. (Reuters)
Facebook Forum