Ubwicanyi bw’umurengera bwakorewe abasivile mu ntara ya Tigreya iri mu burengero bwa Etiyopiya bugeze ku rugero rwo kwitwa ivyaha vyo mu ngwano hamwe n’ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu.
Ayo makuru yatangajwe n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch na Amnestie Internationale avuga ko ubwo bwicanyi bwakorewe cane cane abasivile b’Abanyatigreya.
Abategetsi ba reta ya Etiyopiya bamye bahakana ibirego nk’ivyo bivuye inyuma. Bavuga ko igihe ingwano yatangura kw’igenekerezo rya 2 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka w’2020 umugambi wabo kwari ukwaka ibigwanisho abakuru b’imirwi yigumuye yo muri Tigreya.
Reta ya Ethiyopiya ntaco yari bwishure kuri ivyo birego bishasha vyashikirijwe n’ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.
Facebook Forum