Uko wahagera

Espanye na Maroke mu Nzira yo Kunagura Imigenderanire


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Espanye Pedro Sanchez
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Espanye Pedro Sanchez

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Espanye azogendera Maroke mu gihe imigenderanire hagati y'ivyo bihugu vyompi iriko itera imera neza kurushiriza. Ingoro y’umwami wa Maroke, Mohammed VI, yatangaje uno musi ku wa kabiri, ko azobonana n’umushikiranganji wa mbere wa Espanye, Pedro Sanchez, ku musi wa kane, i Rabat. Ni mu gihe ivyo bihugu vyompi biriko birondera kunagura imigenderanire hagati yavyo yari yatosekaye mu mwaka uheze.

Imigenderanire yasubiye kunaguka hagati y’ivyo bihugu bibiri inyuma y’uko Espanye itangaje mu kwezi guheze ko ishigikiye umugambi wa Maroke werekeye ubwigenge bugereranye bw’intara ya Sahara yo mu burengero ugenewe gutorera inyishu amatati ifitaniye n’iyo ntara.

Mu kwezi kwa kane mu mwaka urangiye w’i 2021, Maroke yari yashavuye inyuma yuko Espanye yakiriye umuyobozi w’umuhari Polisario, Brahim Ghali, yari yaje muri ico gihugu kwivuza, mu kuvuga ko itari yabimenyeshejwe.

Ingingo ya Espanye y’ugushigikira uwo mugambi wa Maroke werekeye ubwigenge bugereranye bw’intara ya Sahara yo mu burengero yafashwe inyuma y’inyifato nk’iyo ya Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubudagi, Ubufransa, Israyeri n’ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika n’uw’abarabu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG