Uko wahagera

Uburusiya Bwafatiye Ibihano Perezida Joe Biden n'Abandi Betegetsi b'Amerika


Russia Putin
Russia Putin

Umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Sergei Lavrov, yatangaje kuri uyu wa kabiri ibihano kuri perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden n’umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau, hamwe n’abandi bategetsi batari bake.

Izi ngingo kandi zafatiwe umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken n’uwo kwivuna abansi, Lloyd Austin. Uburusiya buvuga ko ari ingaruka ya poritike y’urwanko Amerika ifitiye Uburusiya. Mu rindi tangazo, uwo mushikiranganji w’Uburusiya yatangaje izindi ngingo zihana abanyekanada 313 barimwo umushikiranganji wa mbere, Trudeau hamwe n’abatari bake mu bashikiranganji biwe.

Kubera igisirikare c’Uburusiya cateye Ukraine, Amerika yarafatiye ibihano Perezida Vladimir Putin n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’amakungu Sergei Lavrov hongera hafatwa ibindi bihano vyinshi bikumira Uburusiya mu gisata c’ubutunzi kw’isi.

Uburusiya ntibwatomoye ubwoko bw’ibi bihano bwafashe hamwe n’urutonde rwose rw’abo vyega, ariko bwavyise “ivyega umuntu umwe umwe ku gatwe kiwe”. Bwavuze kandi ko ari ugusubirizanya mu ndumane.

Ku rutonde rw’abegwa n’ivyo bihano harimwo kandi uwutwara ingabo za Amerika Mark Milley, umuhanuzi muvy’umutekano Jake Sullivan, umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe iperereza, CIA, William Burns hamwe na Jen Psaki ajejwe kumenyesha amakuru muri White House. Kuri uru rutonde harimwo kandi icegera c’umuhanuzi muvy’umutekano, Daleep Singh, uwujejwe ikigo ca Amerika kijejwe iterambere kw’isi, USAID, Samantha Power, icegera c’umushikiranganji w’ikigega ca reta, Adewale Adeyemo, hamwe n’umukuru w’ibanki ya Amerika ijejwe kurangura no kuranguza ibidandaza, Reta Jo Lewis.

Uburusiya bwahanye kandi umuhungu wa Perezida Biden, Hunter Biden hamwe n’umudemokrate yigeze kwiyamamariza kurongora Amerika, Hillary Clinton.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bw’imidengeranire n’ayandi makungu bwavuze ko Uburusiya bugiye kuzotangaza ibihano ku bandi bategetsi batari bake bagaragaje inzigo y’akazikira ku Burusiya, barimwo abo mu gisirikare, abagwizatunga, abashingamateka hamwe n’abo mu gisata c’ibimenyesha amakuru. @ AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG