Uko wahagera

Prezida w'Uburundi Arashima Imiriyoni 214 z'Ama Euro Yavanye I Buraya


Imiriyoni 214 z’amafaranga y’amanya buraya ni bimwe muvyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagabanye mu nama yahoramwo yahuza umuryango w’ubumwe bw’Afirika n’uwa Burayi. Yaranezerejwe n’ivyavuye muri iyo nama ariko akababazwa nuko hakiri Abarundi bagisabira Uburundi ibihano.

Kuri uno w’Imana mw’ijoro umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye niho yashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura avuye muri iyo nama aho Abarundi bari barindiranye igishika co kumenya ivyavuye muri iyo nama.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaramenyesheje ko hapfunditswe vyinshi kandi bizogirira akamaro Uburundi. Arashikiriza bimwe bimwe bigiye kuja mu ngiro vuba.

Inyuma yiyo nama yari yamuzinduye, umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko ashimishwa no kubona Abarundi benshi baba iburayi bipfuza kwifatikanya n’abandi mw’iterambere ry’igihugu.

Naho biruko Evariste Ndayishimiye arafise ivyo anegura bamwe mu Barundi baba ku mugabane wa buraya. Fréderic Bamvuginyunvira yari mu batunganije imyiyerekano yo kugaragaza ko mu Burundi hakirangwa amabi menshi arimwo no kunyuruza abantu nkuko umugwi w’igihugu wigenga w’agateka ka zina muntu uherutse kubigaragaza imbere y’inama nshingamateka asaba umukuru w’igihugu gutwarira bose.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaragaragarije Abarundi ko kubona ibihano bari barafatiwe bifutwa abishimira abakuru b’ibihugu vya Kenya na Tanzaniya bahagurutse bakaja iburayi kugira bunvishe abagize umuryango w’ubumwe bwa burayi ko Uburundi bukwiriye kuva mu bihano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG