Uko wahagera

Umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeth Yanduye Virusi ya Corona


Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth

Umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeth yanduye virusi ya Corona. Ibiro vyiwe vyatangaje ano makuru bivuga ko ataremvye cane, mbere vyitezwe ko asubira ku mirimo yiwe ya misi yose mu ndwi iza.

Bimwe mu bimenyetso Umwamikazi Elizabeth w’imyaka 95 afise, birimwo inkorora ibiro vyiwe bivuga ko ibayabaye. Amagara y’Umwamikazi w’Ubwongereza ari nawe afise imyaka myinshi mu bamikazi bose bo kw’isi amaze igihe atifashe neza: Mu kwezi kwa cumi yinjijwe ibitaro, abaganga bamusaba kwiyitaho akaruhuka bihagije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG