Muri Brezile, abatabara kuri uyu wa kane bariko biruka n’umwanya barondera aboba bagihema mu vyondo hamwe n’imyavu vyatewe n’imyuzure y’imvura yasenyuye imisozi. Gushika ubu abamaze kumenyekana ko bapfuye mu gisagara Petropolis bashitse kuri 110.
Amabarabara yahindutse inzuzi z’ivyondo vyahamvye amazu kandi bitwara imodokari n’ibiti vyasanga mu nzira mu gisagara co mu buraruko bw’umurwa mukuru Rio de Janeiro, kigizwe n’imisozi yahurumbirwa na bamukerarugendo.
Abategetsi baragabisha ko iyindi mvura nyinshi iri imbere, kandi reta yavuze ko imisozi ishobora kwongera gusenyuka.
Abahinga bavuga ko iyi ari inkurikizi y’ihindagurika ry’ibihe. Igiporisi cavuze ko abantu hafi 20 batowe ari bazima, ariko abandi barenga 130 ntibazwi irengero.
Igisagara ca Petropolis hamwe n’izindi ntara zigikikuje zaheruka guterwa n’imyuzure nk’iyo mu kwezi kwa mbere 2011, aho abantu barenga 900 bahasize ubuzima.
@AFP
Facebook Forum