Uko wahagera

RDC: M23 Yishe Abasirikare Barenga 20 ba Kongo


Abasirikare muri parike ya Virunga muri republika ya demokarasi ya Kongo.
Abasirikare muri parike ya Virunga muri republika ya demokarasi ya Kongo.

Abasirikare barenga 20 ba Repubulika ya demokarasi ya Kongo barishwe mu gitero cakozwe n’umuhari w’abarobeli ba M23 ku kirindiro c’abasirikare mu buseruko bw’igihugu. Ibi vyavuzwe kuri uyu wa gatatu n’ababibonye.

Iki gitero catanguye mw’ijoro ryo ku musi wa mbere i Nyesisi, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, hafi y’ishamba ratiro rya Virunga. Iyi mirwano yarabandanije gushika kuri uyu wa gatatu nkuko bivugwa na sosiyete sivile hamwe n’ubutegetsi bw’ibanze muri ako karere.

Igisirikare ca RDC, ntikiremeza ivyo bitigiri, ndetse n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza, kubwo kutabasha gushika ahabera imirwano.

Gentil Karabukala, umukuru wa sosiyete sivile i Kisigari hafi ya Nyesisi, yavuze ko abasirikare 29 bapfiriye muri ico gitero. Nawe Lieutenant-Colonel Muhindo Lwanzo, umutegetsi muri Teritware ya Rutshuru, yavuze ko umwe mu basirikare bishwe yari afise ipete rya colonel. Lwanzo yavuze kandi ko n’abarobeli batakaje ababo batari bake ariko nta gitigiri yatanze.

M23 ni umwe mu mirwi yitwaje ibirwanisho irenga 120 igisibije mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, mu ntambara imaze imyaka irenga 20.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG