Uko wahagera

ONU: Ibihugu 8 Bizotakaza Uburenganzira bwo Gutora Kubera Ibirarane vy'Intererano


Perezida wa Irani Ebrahim Raisi ariko ashikiriza ijambo mu nama ya 76 ya bose ya ONU i New York, kw'itariki ya 21/09/2021
Perezida wa Irani Ebrahim Raisi ariko ashikiriza ijambo mu nama ya 76 ya bose ya ONU i New York, kw'itariki ya 21/09/2021

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, avuga ko ibihugu umunani bigiye gutakaza uburenganzira bwo gutora mu nama ya bose kubera bifise ibirarane vy’intererano.

Ibi bihugu bigizwe na Irani, Venezuela, Sudani, Antigua na Barbuda, Repubulika ya Congo, Gineya, Papua Nouvelle Gineya na Vanuatu.

Umunyamabanga mukuru, Antonio Guterres, yabishikirije mu rwandiko kuri uyu wa gatatu yahaye perezida w’inama ya bose ya ONU, Abdulla Shahid.

Amategetso agenga ONU avuga ko igihugu giheranye ibirarane bingana canke birenga intererano y’imyaka ibiri bica bitakaza uburenganzira bwo gutora.

Irani yari yaratakaje ubwo burenganzira mu kwezi kwa mbere 2021 ariko yongera kubwisubiza mu kwezi kwa gatandatu irishe makeyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG