Uko wahagera

Amerika Izotanga Amadolari 50.000 Kubinjira Igisirikare


Ifoto y'abasirikare bashasha bariko bapimwa ubushuhe kw'ikambi ya Fort Lee, muri reta ya Virginira, kw'itariki ya 31/03/2020
Ifoto y'abasirikare bashasha bariko bapimwa ubushuhe kw'ikambi ya Fort Lee, muri reta ya Virginira, kw'itariki ya 31/03/2020

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ku ncuro ya mbere, kiriko kiratanga agashimwe k’amadolari 50.000 ku bakandida bemera kwinjira mu gisirikare no kwemera kuzokimaramwo imyaka itandatu. Ni mu gihe ico gisirikare kiriko kirabura abakozi mu buzi bumwe bumwe bwa nkenerwa bivuye ku kiza c’umugera wa Corona.

Majoro Gen. Kevin Vereen, arongoye igisata kijejwe kwinjiza abasirikare, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, ko ibihe amashure amaze atigisha neza hamwe n’ubuzi buriko butwara abakozi benshi vyatumye igisirikare kibura abakandida.

Kubera amezi y’uyu mwaka agiye kutazokworoha, igisirikare c’Amerika cizeye ko gutanga agashimwe k’amafaranga hamwe n’uguhindura bimwe muri urwo rwego bizotuma abakiri bato bahurumbira igisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG