Uko wahagera

Covid-19: Abanyarwanda Hafi 100 Barahungiye muri RDC Kubera Urukingo


Abanyarwanda bababa ijana barajabutse umupaka binjira muri Republika ya Demokarasi ya Kongo mu misi iheze. Bavuga ko bariko bahunga amategeko y’igihugu cabo abasaba gucandagwa Covid-19. Ibi vyavuzwe kuri uyu wa gatatu n’abo ku ruhande rwa Kongo babakiriye.

Musitanteri w’izinga rya Idjwi, Karongo Kalaja, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko imirwi mito mito y’abanyarwanda yinjiye n’ubwato ishikira mu bumanuko bw’iryo zinga, ku nkengera y’ikiyaga Kivu. Yavuze ko bamaze gutororokanya abangana 100 kandi ko abategetsi bariko barababaza icatumye bahunga.

Idee Bakalu, arongoye ishirahamwe ry’abanyagihugu bo muri Idjwi baba mu gisagara ca Bukavu, muri Kivu y’ubumanuko, yavuze ko abategetsi bo mu gace ka Ntambuka babonye abashika 101 bajabutse ku musi wa kabiri. Yavuze ko abo banyarwanda bavuga ko bariko barahunga kubera urukingo rwa Covid-19.

Umuvugizi wa reta y’u Rwanda, Yolande Makolo, yavuze ko abanyarwanda bose bakwije ibisabwa hamwe n’abahaba basabwa gucandarwa kugira bikingire bonyene ubwabo bongere bakingire n’abo babana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG