Uko wahagera

USA: Abantu 13 Barimwo Abana 7 Bishwe n'Umuriro muri Philadelphia


Abazimyamiriro bari aho wateye i Fairmount muri Philadelphia, kw'itariki ya 5-1/2022.
Abazimyamiriro bari aho wateye i Fairmount muri Philadelphia, kw'itariki ya 5-1/2022.

Abantu bashika 13, barimwo abana indwi, bishwe n’umuriro wadutse mu nzu zo gupangisha zo mu bwoko bwa aparotema, mu gisagara ca Philadelphia muri reta ya Pennsylvania, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika. Ibi vyatangajwe n’igisata kijejwe kuzimya imiriro muri Philadelphia.

Abategetsi b’ico gisata bavuze ko abantu umunani bashoboye guhunga bararokoka kandi ko igitigiri c’abapfuye gishobora guhinduka. Icateye uwo muriro gushika ubu ntikiramenyekana.

Umutambukanyi wa perezida w’Amerika, Jill Biden, yanditse kuri Twitter ko umutima wiwe wifatanije n’abapfuye hamwe n’imiryango yabuze. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG