Uko wahagera

Uganda: 15 Bagirizwa Ibitero vy'Iterabwoba Kampala Bavyegetsweko


Kamapla Attacks
Kamapla Attacks

Uganda kuri uyu wa kane yegetseko ivyaha birimwo ivy’iterabwoba no gufasha iterabwoba ku bantu 15 bagirizwa kugira uruhara mu mabombe yaturikijwe ku murwa mukuru Kampala n’ahandi mu mezi ya cumi na cumi na kumwe. Ibi bitero vyahitanye abantu bashika kuri batandatu.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, ucuditse n’umuhari ADF ukorera mu buseruko bwa Kongo, waremanze ko ari wo wakoze igitero co mu kwezi kwa cumi na kumwe hamwe n’icabereye ku nzu y’uburiro.

Ibi bitero vyo mu mezi y’icumi n’icumi na kumwe vyatumye igisirikare ca Uganda kirungika inteko mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe kurwanya umuhari ADF. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG