Uko wahagera

Mozambike: Perezida Nyusi Arashima ko Iterabwoba Ryatururujwe


Perezida Kagame na perezida Nyusi bagendeye inteko zirwanya iterabwoba i Cabo Delgado
Perezida Kagame na perezida Nyusi bagendeye inteko zirwanya iterabwoba i Cabo Delgado

Perezida wa Mozambike, Filipe Nyusi kuri uyu wa kane yavuze ko igihugu ciwe cabonye ibitero bike vy’iterabwoba uyu mwaka ugereranije n’imbere y’aho. Avuga ko ari inyuma y’aho u Rwanda n’ibihugu bibanyi bafashirije mu kurwanya abajihadiste bamaze imyaka badurumbanya igihugu.

Intara ya Cabo Delgado itunze umwuka wa Gaze iri mu bitero vy’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu kuva mu 2017. Ivyo bitero bimaze guhitana abashika 3.340 bikura mu ngo abarenga 800.000.

Ariko kuva mu kwezi kw’indwi, inteko 3.100 zigizwe n’abanyafrika, abanyaburaya n’abanyamerika zararungitswe muri iyo ntara yo mu buraruko guhagarika ubwo bwicanyi.

Naho hari ibitero bigikorwa mu mihana y’abasivile buri ndwi, Perezida Nyusi yabwiye abashingamateka ko utwigoro barimwo twatanze umwimbu ushimishije.

Nyusi yavuze ko ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba vyatumye bafata 245 bakekwako iterabwoba, bica 200 n’abakuru babo 10.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG