Uko wahagera

Kenya: Abasize Ubuzima mw'Isanganya rya Bus Bageze kuri 31


KENYA ACCIDENT

Abahinga mu kwibira mu mazi batoye ibindi biziga indwi kuri uyu w’Imana inyuma y'aho bus itwaye abantu itwariwe n'uruzi igeze ku kiraro muri Kenya ku musi wa gatandatu. Aba baciye bashikana ku gitigiri c’abantu barenga 30 bapfiriye muri iryo sanganya.

Iyo modokari yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Bus yari itwaye abaririmvyi b’ishengero hamwe n’abandi bari bagiye kunerezeranwa na bo mu birori vy’ubugeni, mu ntara ya Kitui ku musi wa gatandatu. Abantu cumi na babiri baragerageje kwigwanira bararokoka ariko abandi batari bake ntivyabashobokeye.

Umukuru w’iyo ntara, Charity Ngilu yavuze ko ibiziga 31 bimaze gutorwa n’abasirikare karuhariwe mu kwibira mu mazi kuva ku musi wa gatandatu. Ariko avuga ko abapfuye bashobora kurenga abo, mu gihe ibikorwa vyo kurondera abandi bikibandanya.

Ntibiramenyekana igitigiri c’ingenzi zari muri iyo bus uko cangana igihe yatwarwa n’isuri ry’uruzi Enziu, ruri ku birometero 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru Nairobi.

Perezida Uhuru Kenyatta kuri uyu w’Imana yarungikiye ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze. Yahanuye kandi abanyakenya abasaba kwiyubara igihe bariko batwara imodokari mu mabarara cane cane mu gihe c’imvura. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG