Uko wahagera

Gambiya: Adama Barrow Yatsindiye Manda Igira Kabiri


Perezida wa Adama Barrow ahimbaza Intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu i Banjul, muri Gambiya, Kw'italiki ya 5-12-2021
Perezida wa Adama Barrow ahimbaza Intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu i Banjul, muri Gambiya, Kw'italiki ya 5-12-2021

Adama Barrow ni we yaraye atahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Gambiya. Atsindiye manda igira kabiri muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.

Umukuru wa komisiyo ijejwe amatora, Alieu Momarr Njai, ni we yatangaje intsinzi ya Barrow kuri uyu w’Imana imbere y’abamanyeshamakuru. Hari haciye amasaha make abakandida batavuga rumwe na we biyamirije ibiharuro vy’imfatakibanza vyamuha ikibanza ca mbere.

Amatora yo ku musi wa gatandatu, yabaye aya mbere atunganijwe kuva aho uwahoze arongoye igihugu, Yahya Jammeh, agiriye mu buhungiro. Aya matora abonwa kandi ko ahambaye kuri ico gihugu gitanguye kwinjira mu ntwaro ya demokarasi.

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, Ernest Bai Koroma, arongoye umurwi w’indorerezi za CEDEAO muri ayo matora, yasavye abakandida bose kwemera aho abanyagihugu bashize kandi n’umutima utekanye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG