Uko wahagera

Abashika kuri Batatu Bishwe Barashwe kw'Ishure muri Michigan


US School Shooting Michigan

Abategetsi bavuga ko umunyeshure w’imyaka 15 yarashe n’inkoho yica bagenzi we batatu akomeretsa abandi batandatu barimwo umwigisha, kw’ishure ryisumbuye muri reta ya Michigan, muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ibi vyabaye kuri uyu wa kabiri mu masaha y’inyuma ya sasita muri ako karere.

Icegera c’uwutwara komine ya Oakland, Mike McCabe, yabwiye ibimenyeshamakuru ko ataramenya imvo yatumye uwo mwicanyi akora iryo bara, muri ico gisagara kiri ku bilometero 48 mu buraruko bwa Detroit.

Abategetsi bavuga ko bafashe uwukekwa gukora ubwo bwicanyi bongera bafata n’inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet yakoresheje. Ariko ntibashotse bavuga amazina y’abishwe n’abakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG