Uko wahagera

USA: Abadepite Bemeje Umushinga w'Itegeko ry'Amafranga ku Mibereho y'Abanyagihugu


Madame Nancy Pelosi ni we uyobora inteko ishinga amategeko umutwe w'Abadepite muri Amerika.

Inama nshingamateka ya Amerika yemeje uno musi ku wa gatanu integuro y'itegeko ry'agaciro ka triliyoni imwe n'imiliardi amajana indwi na rimrongo itanu rigenga amafranga azokoreshwa mu gufasha abanyagihugu mu bisata bitari bike.

Ni integuro yemejwe ku majwi 220 kuri 213, yaciye irungikwa mu nama nkenguzamateka aho ibiganiro biyerekeye bizobandanya.

Ivy’uko iryo tegeko rizorengana mu nama nkenguzamateka ntibitomoye. Abasenateri b’abademokrate 2, Joe Manchin wo muri reta ya West Virginia na Kyrsten Sinema wo muri Reta ya Arizona barerekanye impungenge ku gitigiri kinini cane c’amafrranga ategekanywa muri iryo tegeko n’imwe mu migambi ategekanirijwe.

Amafranga yari ategekanijwe muri iryo tegeko yaragabanaijwe bikomeye umuntu aravye ayo abademokrate bari bategekanije mu ntango aho agaciro karyo kari triliyoni 3 n’imiliyaridi amajana atanu y’amadolari.

Itegeko ryemejwe mu nama nshingamateka rigetekanya kwongereza amafranga akoreshwa mu gisata c’indero, kubandaya amafranga abanyagihugu bakoresha mu vyerekeye kwivuza, hamwe n’uguhangana n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.

Ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, bitangaza ko ikigo kijejwe gutoza amatagisi mu gihugu, IRS, kizokwinjiza iyindi miliyaridi 400 y’amadolari.

Benshi mu bademokrate batangaza ko bemeye ibiharuro vyashikirijwe n’ibiro vya prezida.

Iri tegeko rikwirikiye irindi riherutse kwemezwa rigenga amafranga reta izokoresha mu bijanye n’inyubako, nk’amabarabara, ibiraro, ibivuko n’ibindi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG