Uko wahagera

Burundi: Perezida Ndayishimiye Yahinduye Bamwe mu Bagize Reta


Evariste Ndayishimiye
Evariste Ndayishimiye

Perezidanse ya Republika y’Uburundi, kuri uyu wa kane yahinduye bamwe mu bagize reta.

Mw’itegeko rya perezida ryasohowe kuri uyu wa kane, italiki 18 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, Domine Banyankimbona yagenwe kurongora ubushikiranganji w’Ubutungane,

Dr Sylvie Nzeyimana yahawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida.

Dr Thaddee Ndikumana yahora arongoye ubwo bushikiranganji, yagenwe kurongora ubushikiranganji bw’abakozi ba reta n’akazi.

Umupfasoni Marie Chantal Nijimbere yagenwe gutwara ubushikiranganji bw’ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi. Asubiriye umupfasoni Capitoline Niyoyizigiye yabogojwe muri ayo mabanga n’ibiro vya perezida kuri uyu wa kane nyene.

Umupfasoni Leocadie Ndacayisaba yahawe kurongora ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru, n’ibimenyeshamakuru.

Icatumye abahora barongoye ubwo bushikiranganji basubirizwa nticatangajwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG