Uko wahagera

Perezida Joe Biden na Xi Jinping Bategekanya Kuganira mu Ndwi Iza


Amafoto ya Perezida Joe Biden na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping yashizwe hamwe
Amafoto ya Perezida Joe Biden na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping yashizwe hamwe

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden na perezida w’Ubushinwa Xi Jinping vyitezwe ko baganira mu ndwi iza hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo, nkuko ibimenyeshamakuru bitari bike vyo muri Amerika vyatanguye kubinuganuga. Ni mu gihe ivyo bihugu bikomeye kandi bitunze ibirwanisho vya Nikleyeli bitarabana ryiza muri iki gihe.

Abategetsi ba Amerika bavuze ko uyu mubonano uri mu twigoro two gukinga ko ibi bihugu vyinjira mu ntambara y’ubudandaji, ibikorwa vya gisirikare hamwe n’ibindi bibazo. Perezidanse ya Amerika ntiyashimye kugira ico ivuze kuri uyo mubonano kuri uyu wa kane.

Abo bategetsi babiri baheruka kuvugana kw’itariki 9 z’ukwezi kw’icenda aho baganiriye ku bibazo vy’ubutunzi, ihindagurika ry’ibihe n’ikiza ca COVID-19, nkuko vyavuzwe n’umwe mu bategetsi bo hejuru muri reta ya Amerika. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG