Uko wahagera

Abimukira Barenga 300 Batabawe muri Mediterane


Abimukira257 batabawe mu bwato Sea-Watch 3 bashikanwe kw'izinga rya Sicile, mu Butaliyano
Abimukira257 batabawe mu bwato Sea-Watch 3 bashikanwe kw'izinga rya Sicile, mu Butaliyano

Abimukira baharurwa mu majana bari mu bwato bwo kuroba bwari bwibiye mu mazi batabawe, nkuko vyavuze n’abasirikare b’Ubutaliyano bacungera imbibe z’amazi kuri uyu wa gatatu. Ni mu gihe abandi bimukira barenga 300 bari mu bwato bw’abagiraneza bemerewe kwinjira mu Butaliyano.

Abasirikare bacungera imbibe z’amazi bavuga ko batabaye abimukira 396 mw’ijoro ry’uwa kabiri rishira uwa gatatu, kandi ko ico gikorwa kitari coroshe kubera ikirere cari kimeze nabi mu mazi ku kivuko ca Pozzallo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Sisiliya.

Haruhande y’abo batabawe, abandi bimukira 306 bari bamaze indwi irenga mu mazi mu bwato bw’ishirahamwe ry’abagiraneza, SOS Mediterranee bemerewe kwinjira muri iryo zinga rya Siciliya mu Butaliyano.

Abimukira barenga 57.000 ni bo bashitse ku butaka bw’Ubutaliyano kuva mu ntango z’uyu mwaka, ugereranije n’30.000 bashitseyo igihe nk’iki mu mwaka uheze, nkuko vyavuzwe n’umushikiranganji w’Ubutaliyano w’intwaro mu gihugu hagati. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG