Uko wahagera

Abana b'Abanyeshure Bashika 26 Bishwe n'Umuriro muri Nijeri


Isanamu yafashwe yerekana intebe, imeza hamwe n'ibindi bikoresho vyaturiwe n'umuriro mw'ishure i Niamey, muri Nijeri, kw'itariki ya 14/04/2021.
Isanamu yafashwe yerekana intebe, imeza hamwe n'ibindi bikoresho vyaturiwe n'umuriro mw'ishure i Niamey, muri Nijeri, kw'itariki ya 14/04/2021.

Abana b’abanyeshure bashika kuri 26 bapfuye igihe amasomero barimwo yubatswe n’ibiti yasha aratokombera mu bumanuko bwa Nijeri kuri uyu wa mbere. Buramatari w’ako karere yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP.

Umukuru w’igisagara Maradi, Chaibou Aboubacar yavuze ko hambavu y’abo bana bapfuye, abandi 13 bakomeretse kandi baremvye cane, yongerako ko abo bana bari bafise hagati y’imyaka itanu n’itandatu.

Nijeri ni kimwe mu bihugu bikenye cane muri Afrika, caragerageje gukemura ikibazo c’ubukene bw’amashure mu kwubaka ibirasi mu biti, aho rimwe na rimwe abana bicara hasi.

Imiriro ku mashure iramenyerewe muri ico gihugu ariko ntikunze guhitana ubuzima bw’abana nk’ivyabaye kuri uyu wa mbere.

Perezida Mohamed Bazoum aherutse kwemera kuzosubiriza ayo mashure yubatswe n’ibiti. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG