Uko wahagera

USA Yiyemeje Kuzoshigikira Abamenyeshamakuru bari mu Butungane


Umumenyeshamakuru akorera itororokanirizo ry'amakuru ry'Abongereza, Reuters muri Myanmar yarengukishijwe imbere y'ubutungane. isanamu yo kw'itariki 20/08/2018
Umumenyeshamakuru akorera itororokanirizo ry'amakuru ry'Abongereza, Reuters muri Myanmar yarengukishijwe imbere y'ubutungane. isanamu yo kw'itariki 20/08/2018

Reta zunze ubumwe za Amerika yiyemeje gushiraho ikigega kizofasha abamenyeshamakuru mu makungu bari mu mburano mu butungane, imanza zigamije kubahoza kubw’umwuga wabo. Samantha Power atwara ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, yabivuze kuri uyu wa kane kandi avuga ko ari kimwe mw’isekeza Amerika irimwo ryo gushigikira demokarasi.

Power, yigeze kuba umumenyeshamakuru, yavuze ko reta ya Perezida Joe Biden ishizeho ico kigega mu ntumbero yo guhangana n’abategetsi bitwaza igikenye mu kubuza abamenyeshamakuru kuvuga ibitagenda neza mu bihugu vyabo. Yavuze kandi ko amareta agira kuri demokarasi akwiye gushiraho amategeko abuza ibihugu bigira ku ntwaro z’agacinyizo, gukandamiza no kugenzura abanyagihugu barongoye.

Ariko Power, ntiyavuze uko ubwo buryo bw’amafaranga buzokoreshwa canke nimba buzofasha gusa abamanyeshamakuru bakorera mu bihugu bifitaniye ubucuti na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG