Uko wahagera

ONU Ihimiriza Mali Gutunganya Amatora mu Kiringo Cumvikanyweko


Ambasaderi wa Kenya muri ONU Martin Kimani,mu mubonano na perezida w'imfatakibanza wa Mali, Col. Assimi Goita, i Bamako, Mali, kw'itariki ya 24/10/2021
Ambasaderi wa Kenya muri ONU Martin Kimani,mu mubonano na perezida w'imfatakibanza wa Mali, Col. Assimi Goita, i Bamako, Mali, kw'itariki ya 24/10/2021

Intumwa z’akanama kajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gasaba abategetsi ba Mali gutunganya amatora mu kwezi kwa kabiri mu ntumbero yo kwubahiriza ivyo bumvikanye n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO. Ni mu rugendo izo ntumwa zirimwo muri Mali mu mpera z’iyi ndwi.

Izo ntumwa zirongowe na ambasaderi wa Kenya zabonanye n’amashirahamwe ya sosiyete sivile, imigwi yasinye amasezerano y’amahoro, umushikiranganji wa mbere wa Mali hamwe na perezida arongoye c’imfatakibanza.

Abategetsi ba Mali bo bavuze ko bakeneye ubwa mbere gutunganya ibiganiro hagati y’imigwi y’abanyemali mu kwezi kwa cumi na kabiri kugira barabire hamwe inzira nyayo izobashikana ku matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG