Abanyeshure 30 bari bamaze amezi arenga ane baranyurujwe n’imigwi y’intagondwa mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya bararekuwe, nkuko vyavuzwe na reta y’ako karere kuri uyu wa kane.
Umuvugizi wa reta ya Kebbi, Yahaya Sarki yavuze ko abanyeshure 30 biga muri Koleji yegamiye reta ubu bidegemvya kandi bashitse mu mihana yabo mu gisagara ca Birnin Yauri. Ntiyatomoye ariko nimba hari amafaranga yatanzwe kugira barekurwe. Abo banyeshure bo muri Koleji y’i Kebbi batwawe mu kwezi kwa gatandatu itariki 17.
Igiporisi cavuze ko ico gihe, abo basuma bishe uwujejwe umutekano umwe bongera bakomeretsa umunyeshure umwe nyene, ariko canse kuvuga igitigiri c’abanyeshure banyurujwe uko cangana. Cavuze kandi ko utwigoro two kubohoza abasigaye tukiriko turakorwa.
Kuva mu kwezi kwa cumi kabiri, abanyeshure barenga 1.000 baramaze kunyuruzwa n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho, abo ubutegetsi bukunze kwita “abasuma”. (AFP)
Facebook Forum