Uko wahagera

Zimbabwe: Nelson Chamisa Yongeye Kurusimba


Nelson Chamisa
Nelson Chamisa

Umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe, kuri uyu wa gatatu wavuze ko umukuru wawo, Nelson Chamisa, yarusimvye ubugira kabiri mu kiringo c’imisi 10. Ni igihe urusasu atamenye aho rwaturutse rwatobora ibiyo vy’imodokari yarimwo.

Tendai Biti, icegera c’umukuru w’umugambwe MDC-Alliance, yavuze ko imodokari Chamisa yarimwo yarasiwe mu gisagara Mutare kiri ku rubibe, mu gice c’ubuseruko bw’igihugu ku wa gatatu. Biti yavuze ko umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF uri inyuma y’ivyo bitero kuri Nelson Chemisa.

Mu ndwi iheze uwo mugambwe wavuze ko imiduga yarimwo uwari utwaye Chamisa watewe amabuye n’abaketswe kuba abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF mu bumanuko bw’igisagara Masvingo.

Zimbabwe yimirije kuja mu bihe vy’amatora y’umukuru w’igihugu mu 2023.

Uruhagarara rushingiye kuri poritike ruriko ruriyongera muri ico ghugu muri ibi bihe vy’amatora. Ni mu gihe Chamisa, w’imyaka 43, vyitezwe ko agerageza kurondera amahirwe yo gutsindira intebe y’umukuru w’igihugu mu kuzohangana na Perezida Emmerson Mnangagwa, w’imyaka 79.

Mu ndwi iheze, abantu 19, barimwo abamenyeshamakuru 10 barahagaritswe mu myiyerekano yabereye ku rwinjiriro rwa komisiyo ijejwe amatora i Harare, ahariko harategurirwa aya matora ya kabiri kuva Robert Mugabe akubiswe kudeta mu 2017. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG